Burundi: 21 bakatiwe gupfungwa burundu

Abagirizwa bafise uburenganzira bwo kwitura gasamburamanza
Image caption Abakatiwe burundu barimwo 5 bari bambitswe izera

Abakatiwe gupfungwa ubuzima bwose barimwo batanu kuri ndwi bari bambitswe izera mu rubanza rwa mbere.

Sentare yaciye itegeka ko bafatwa ubwo nyene kuko atariho bari.

Kuri 17 bari baciriwe ibihano vyo gupfungwa hagati y'imyaka 5 n'imyaka 30, batanu bonyene nibo bahanishijwe umunyororo w'imyaka 2, abasigaye 12 bagiye mu mugwi w'abazomara ubuzima bwabo mu munyororo.

Bose uko ari 21 baciriwe ico gihano ruhasha, ntibarekuriwe kandi gukora akazi ka reta mu kiringo c'imyaka 20.

Abaciriwe ibihano bose uko ari 26 bazotegerezwa gufatanya mu kuriha indishi ziciye miliardi 6 mu mafaranga y'amarundi ku vyononekaye igihe haba ukwo kugeregereza gutembagaza ubutegetsi.

Mu basaba indishi harimwo Radio Television Rema FM yasambuwe uwo munsi, itariki 13 z'ukwezi kwa gatanu mu mwaka iheze.

Reta y'Uburundi ibicishije ku bushikiranganji bwo kwivuna abansi n'ubujejwe umutekano, ivuga ko yahatakarije ibikoresho vyinshi n'abasirikare n'abapolisi hamwe n'umugambwe CNDD FDD uvuga ko wasamburiwe ingoro n'ibikoresho.

Harimwo n'abantu barenga 10 ku giti cabo bavuga ko bahakomerekeye, bakahamugarira canke bakononerwa ivyabo.

Umucamanza wa mbere ntaco yari yabivuzeko kuko ngo ata vyemezo bikwiye vyari vyatanzwe.

Abagirizwa barafise uburenganzira bwo kwunguruza muri sentare Gasamburamanza.

Ariko mu kurindira ko hagira igihinduka, urubanza rw'uno munsi n'intsinzi ku bushikirizamanza, kuri reta no kubasaba indishi y'abababaro kuko ivyo basaba ahani babironse.

Gusa umushikirizamanza we yasaba ko bose uko ari 28 bahabwa igihano co guhera mu munyororo.

Ariko yatsinze urubanza rwo kwemeza ko igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ku wa 13 na 14 ukwezi kwa gatanu mu mwaka uheze, vyari bifitaniye isano n'imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca prezida Pierre Nkurunziza yar'imaze indwi zibiri itanguye.

Indishi isabwa ifatira no kuri bimwe bimwe vyononywe imbere y'iryo garegezwa.

Ababurana bo bagumye bavuga ko batumva ingene hoba isano kandi ku mutahe bivugwa ko bakurikiranwa ku vyaha vyakozwe iminsi ibiri gusa ya 13 na 14 ukwezi kwa 5 mu 2015.