Umukandida akaze mu matora ya Filipine

Ahavuye isanamu, AFP
Rodrigo Duterte
Umwe mu bagenzuzi b'amatora avuga ko Rodrigo Duterte ari imbere cane y'abandi bane bahanganye nawe, aho ahabwa ibice 40% vy'amajwi amaze kuharurwa kugeza ubu.
Uyu muyobozi w'umuji wa Dvao, w'imyaka 71 y'amavuko yashigikiwe cane inyuma yo kwizeza abanyagihugu kurwanya ivyaha vy'ubwicanyi muri Filipine.
Yanasezeranyije ndetse no kwica bamwe mu bakora ivyo vyaha.