Umunyezamu w'ikipe y'abagore ya Cameroun yasezeye isi ku myaka 26

Jeanine Christelle Djomnang

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu,

Jeanine Christelle Djomnang yakinira Femina Stars Ebolowa muri Cameroun

Ishirahamwe ry' umupira w'amaguru muri Cameroun rimenyesha ko umunyezamu w'umurwi w'abagore yitavye Imana inyuma yo kurwa ari mu myimenyerezo.

Jeanine Christelle Djomnang, yari afise imyaka 26, yarwaye imbere y'urukino rwa Femina Stars Ebolowa mu bumanuko bwa Cameroun rwari kuba kuw'Imana, aho yaguye mu nzira ajanywe kwa muganga.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rimenyesha ko ibipimo vya mbere vyerekana ko yoba yari afise ingwara y'umutima.

Ivyo bibaye inyuma y'urupfu rw'uwundi mukinyi w'umunya Cameroun Patrick Ekeng muri Roumanie,

Ku munsi wa gatanu niho vyamenyekana ko Patrick Ekeng nawe w'imyaka 26, yakinira umurwi Dinamo Bucharest, yiketse ko arwaye umutima imbere yo kurwa mu kibuga.

Hari hasigaye iminota 70 gusa kugira urukino hagati ya Dinamo na Vitorul rutangure, akaba yacikaniye mu bitaro.

Hashizweho igitabo co kwandikamwo ku bifuza gusezera abo bakinyi bompi, Ekeng na Djomanang., ku cicaro gikuru c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Cameroun.