Obama azogendera Hiroshima

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu 140 000 bikekwa ko baguye ahatewe igisasu Hiroshima
Barack Obama azoba ariwe abaye umukuru w'igihugu wa Leta zunze Ubumwe za Amerika wa mbere agendeye uwo muji w'Ubuyapani kuva Amerika ihateye igisasu ruhonyanganda mu 1945.
Ibiro vya perezida Obama ariko biravuga ko ata mbabazi agiye gusaba.
Umuhanuzi ajejwe itangazamakuru mu biro kwa perezida Obama, Ben Rhodes, yatangaje abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko Leta zunze Ubumwe za Amerika "zizokwama zifise ishema ry'abarongozi bazo n'abasirikare bitanze mu gihe c' intambara ya kabiri y'isi".
Yavuze ko bwana Obama "ataco azovuga ku ngingo yo gukoresha bombe atomique mu mpera z' iyo ngwano. Ahubwo ngo, azotanga icerekezo ca kazoza abona kibereye kuri bose mu gutera baja imbere.
Yavuze kandi ko urwo rugendo rwa Obama ruzomuha akaryo ko kwunamira abapfuye ataco bazira, baguye mu mporero y'iyo ntambara ya kabiri y'isi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisasu catewe Hiroshima gikekwa ko cari gifise ubukomezi bwogereranywa n' uburemere bwa toni 20 000
Colonel Paul Tibbets, yaturuka muri leta ya Illinois, niwe yayoboye igitero ca "bombe atomique" ku Buyapani.
Bwana Obama azoja muri Hiroshima ari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe.
Perezida Barack Obama azoba ari mu rugendo yari asanzwe yarateganije muri Aziya, uretse mu Buyapani, akazoca no muri Vietnam.