Onu iranebagura iyirukanwa ry'impunzi muri Kenya

Ikambi y'impunzi muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Onu iranebagura ingingo y'igihugu ca Kenya yo kwirukana impunzi 600,000 zatse indaro muri ico gihugu

Ishami rya Onu rijejwe impunzu HCR riranebagura ingingo y'igihugu ca Kenya yo kwirukana impunzi

Ishami rya Onu rifasha impunzi kw'isi, UNHCR, ryahamagariye reta ya Kenya kwisubirako ku ngingo yo kugara amakambi abiri manini ari muri ico gihugu i Dadaab hamwe n'i Kakuma.

Kuri uyu wa gatanu, reta yavuze ko izo kambi zishobora kwugarwa kubera impamvu z'umutekano n'ubutunzi.

Yari yarigeze kubimenyesha ubwa mbere, ariko ubu reta ivuga ko yugaye igisata kijejwe impunzi, ibintu bibonwa nk'intambwe ya mbere yo gusezerera impunzi ziba muri ico gihugu zishika 600,000.

Benshi muri bo baturuka mu bihugu vya Somalia na Sudan y'epfo.

"HCR yakiranye umwitwarariko mwinshi iryo tangazo," uko ni ko iryo shirahamwe ryavuze mw'itangazo ryasohoye.

HCR yongeyeko ko: "Ikibabaje, n'uko uko ibintu vyifashe mu gihugu ca Somalia na Sudani y'epfo, vyatumye abo bantu bahunga bitaratorerwa inyishu gushika ubu."