Abashigikiye Katumbi bashwiragijwe n'igipolisi

Ahavuye isanamu, Google
Uwushaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ca RDC, Moise Katumbi
Mu gihugu ca Republika iharanira Democratie ya Congo abapolisi bashwiragije abashigikiye Moise Katumbi yagirizwa gukoresha abacangero
Abashigikiye Katumbi binjiye ku nguvu muri sentare mu gisagara ca Lubumbashi, aho vyitezwe ko aza kumvirizwa ubugira kabiri kuri ivyo yagirizwa.
Abamushigikiye bavuga ko ivyo yagirizwa bigamije kumubuza kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu kugira asubirire prezida Joseph Kabira.
Moise Katumbi yashikirije ku mugaragaro ko azitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu misi mike iheze, mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe uyu mwaka.
Ababuranira Moise Katumbi bavuga ko uwo yahoze arongoye intara ya Katanga ifise ubutunzi bwinshi, yahawe umutahe wo kwitaba muri sentare mu mpera z'indwi iheze.
Inzu yiwe yarasatswe n'abajejwe umutekano ku musi wa gatandatu.
Katumbi arahakana ivyo yagirizwa, akagiriza reta ko ishaka gucafuza izina ryiwe gusa.
Ubuserukizi bwa Amerika mu gisagara ca Kinshasa buratewe impungenge n'ivyo yagirizwa.
Prezida Joseph Kabira ari ku butegetsi kuva mu 2001, ntaramenyesha nimba azova ku butegetsi muri uyu mwaka nk'uko biri mw'ibwirizwa shingiro.