Abantu 12 bapfuye muri Uganda bazize isegenya

Mount Elgon

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Mu karere ka Mount Elgon ahatikitikiriye abantu bazize umusozi wababomokeyeko mu 2012

Mu gihugu ca Ugunda abantu 12 bitavye Imana abandi 50 barabura irengero ry'abo imisozi yababomokeyeko mu karere ka Bundibugyo.

Abategetsi bavuga ko ivyo vyashitse mu burengero bwa Uganda .

Inkuru ziva muri reta n'umuryango utabara imbabare Croix rouge, zivuga ko abo bantu 12 bapfuye umusozi ubabomokeyeko, bitewe n'imvura y'isegenya yaguye i Bundibugyo mu burengero bwa Uganda.

Abantu amajana n'amajana bataye izabo.

Mu mwaka wa 2010, abantu amajana amajana n'amajana barahitanywe n'imisozi yabaguyeko kubera imvura y'isegenya yaguye mu karere ko mu buseruko kegereye igisagara ca Bududa