Prezida Buhari ntashaka gusabwa imbabazi na Cameron

Prezida Buhari

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Prezida buhari asaba gusubizwa amahera yibwe abitswe mu Bwongereza

Prezida wa Nigeria Buhari ntashaka ko Cameron amusaba imbazi ahubwo akeneye amahera yibwe abitswe mu Bwongereza.

Mu nama igenewe ikibazo co kurya ibiturire mu Bwongereza, Prezida Muhammadu Buhari wa Nigeria yavuze ko yemera ko Nigera cahora kirangwa no kurya ibiturire.

Ariko yasavye Ubwongereza gusubiza amamiliyaridi n'amamiliyaridi y'ama pound yibwe biciye mu biturira akaza kubikwa mu mabanke yo mu Bwongereza no mu bintu vyaguzwe.

Muri iyo nama, umuyobozi mwishikira mu biro vy'umushikiranganji wa mbere, Matthew Hancock, yashimagije Buhari, ingene ubutegetsi bwiwe buriko buragwanya igiturire.

Mu nama nshingamateka, Cameron yashimagije Nigeria ku ntambwe iboneka kimaze gutera mu kugwanya igiturire.

Yabwiye abashingamateka ko ashaka guhagarika amahera ava mu biturire aza kugura amazu, kandi ashimika ko amakompanyi ategerezwa kwerekana neza banyeneyo.