Misiri yapfunze 51 bagize imyiyerekano

Ahavuye isanamu, EPA
Apapolisi bateye imyuka irakira abari mu myiyerekano mu kwa kane.
Leta ya Misiri yakatiye igipfungo c'imyaka ibiri abantu 51 bagaragaje ko bateye kubiri n'icemezo co guhebera ibgihugu ca Arabie Saudite amazinga abiri ari mu kiyaga gitukura.
Hari abantu 33 mu baregwa bari birengutse mu ngoro ya sentare, abandi nabo bahawe umwidegenvyo w'agateganyo.
Imiryango n'abagenzi b'abaregwa badutse babarira mu ngoro ya sentare bamaze kumva urwo baciriwe.
Ingingo yo guhebera Arabia Saudite amazinga yo mu kiyaga gitukura yashavuje benshi mu Misiri.
Iyi ngingo yafashwe na perezida Abdul Fattah al-Sisi mu rugendo yagize muri Arabie Saudite aho yabonanye n'umwami Salman.
Umwami Salman ku ruhande rwiwe yemeye gushora imitahe mu Misiri no guha ico gihugu infashanyo.
Abanegura perezida Sisi bavuga ko yagurishije ayo mazinga ya Tiran na Sanafir atari bwaje guturwamwo,

Ahavuye isanamu, Hady Messaddy
Tiran niryo zinga rinini muri ayo 2 yeguriwe Arabie Saudite
Ariko leta ya Misiri ikomeza kwemeza ko ayo mazinga kuva kera yari aya Arabia Saudite, mugabo ko yahora acunzwe na Misiri kuva mu myaka ya 1950.
Baba abadafise aho begamiye mu madini canke aba Isilamu mu Misiri, bose bahamagarira banayagihugu kwiyamiriza iyo ngingo.
Polisi yashanjaje abari muri iyo myiyerekano mu kwezi kwa kane, bamwe muri bo barafatwa bagirizw akwitabira amakoraniro atemewe n'amategeko.

Ahavuye isanamu, EPA
Abatari bake barafashw emu myiyerekano
Bwana Sisi amaze igihe anegurwa muri iyi minsi ku biabzo bitandukanye birimwo ubutunzi bw'igihugu.
Uwo mukuru w'igihugu yahoze ari umusirikare mukuru, agishika ku butegetsi yarakunzwe mu 2014, ariko abantu bakomeje kutanezerzwa n'ivyo amaze kurangura.