Umwiyahuzi yateye uruganda rwa gaz muri Iraq

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uruganda rwa leta ruri taji rwatewe kare mu gatondo
Amakuru aturuka yo avuga ko abntu batari munsi ya 11 boba bahasize ubuzima, abandi barenga 20 barakomereka.
Umuvugizi wa gisirikare wo muri leta ya Iraq yavuze ko imodokari yari itekeyemwo ibisasu yaturikirijwe mu rwinjiriro rw'ihinguriro rya 'gaz' riri ahitwa Taji.
Abiyahuzi batandatu bari bambaye imikanda yuzuyeko ibisasu ngo baciye binjira muri ico kibanza aho bahanganye n'abajejwe umutekano.
Ibikono bitatu vy'uwo mwuka vyaciye biturirwa.