Abashikiranganji b'Ubufaransa biyamiriza ihohoterwa rifatiye ku gitsina

Fleur Pellerin s Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Uwahoze ari umushikiranganji w'umuco Fleur Pellerin, ari mu bashize igikumu ku rwandiko rwiyama ihohotera

Abagore 17 bashize urwandiko ruvuga ko batagishobora kwihanganira ihohotera rifatiye ku gitsina rikorerwa abagore muri politike.

Abashize igikumu ku rwandiko rwiyamiriza ihohotera rifatiye ku gitsina barimwo abashikiranganji canke abahoze mu bushikiranganji.

Muri bo harimwo Christine Lagarde, umukuru w'ikigega mpuzamakungu FMI, akaba yarabaye umushikiranganji w'ikigega ca leta.

Ku munsi wa mbere, icegera c'umukuru w'inama nshingamateka, Denis Baupin, yatanze imihoho arezwe icaha co guhohotera umugore, icaha ariko ahakana.

Mw'itangazo ry'abo bakenyezi ryasohowe n'ikinyamakuru ' Le Journal du Dimanche', bagize bati "Kimwe n'abandi bagore bose bashoboye kwinjira mu mabanga ubundi yasa n'ayiziziwe n'abagabo, twahanganye n'ihohotera rifatiye ku gitsina"

Bavuga bati :"Ntibikwiye ko abagore bagiye muri ubwo buzi aribo bakwiye guhindura, ahubwo abagabo bamwe bamwe nibo bakwiye guhindura ingeso zabo.

Muri iyo nkuru havurwamwo bimwe mu bibazo abagore bahootewe baciyemwo.

Fleur Pellerin, yari umushikiranganji muri leta ya Francois Hollande kuva mu 2014, kugeza mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka, asobanura ko atari bwigere ahura n'ibibazo vy'ihohotera kugeza agiye muri ayo mabanga.

Agishika muri ayo mabanga ngo yabajijwe n'umunyamakuru nimba yayaronse 'kubera ari umugore mwiza'.

Uwundi mugore yahoze ari umushikranganji w'agateka kazina muntu, Yvette Riudy, yabwiye ikinyamakuru 'La Chaine' ati : "Biyumva ko barekuriwe gutwenga no gufata uko bishakira umugore, nko kumukubita agashi ku bibuno",

Yavuze ko bamwe mu bagore bagirwa ben' ivyo bashobora kuvyirengagiza, ariko ngo hari abandi batagishoboye guhora.

Ngo bashaka kubwira isi yose ko ababikora bataba bariko barabashima ahubwo ko badakeneye gufatwa nk'imaraya.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Denis Baupin arahakana ivyo aregwa

Denis Baupin aregwa ko yafashe kw'ibere umugore wo mu mugambwe Green Party akarungikira n'ubutumwa buteye isoni abandi bagore bagenzi we , nk'uko bivurwa n'abagore bo mu mugambwe Green party.

Umwe mu bamwagiriza, umuguvizi w'umugambwe Green party Sandrine Rousseau, niwe yavuze ko bwana Baupin yamufashe kw'ibere agashaka kumusoma bahuriye mu murere.

Ababuranira Baupin bavuga ko bashobora kwitwariura uwo mugore.