Umwigeme w'i Chibok arabonana na Prezida wa Nigeria

Ahavuye isanamu, UNCREDITED
Umwigeme w'i Chibok yarokowe mu minwe ya Boko Haram, arabonana na Prezida Buhari
Umwigeme w'i Chibok yakuwe mu minwe ya Boko Haram araza kubonana ma prezida Muhammadu Buhari, aronswe n'imfashanyo yo gutangura ubuzima bushasha.
Yabohojwe afise umwana akiri muto, buka bubaye ubwa mbere haba uwubohojwe mu kiringo kirenga imyaka ibiri.
Abana b'abigeme barenga amajana abiri baranyurujwe n'umugwi wa Boko Harammu kwezi kwa kane mu 2014.
Igisirikare ca Nigeria kivuga ko camaze gufata umwe mu bagwanyi ba Boko Haram, bivugwa ko yoba ari umugabo w'uwo mukobwa.
Umuvugizi wa reta ya Nigeria, Gerba Shehu yabwiye BBC ko uwo mwigeme w'i Chibok, yakuwe mu maboko ya Boko Haram aza kubonana n'umukuru w'igihugu Muhammadu Buhari, kandi ko aza guhabwa imfashanyo na reta kugira asubire mu buzima busanzwe.
Na yo Aboku Gaji arongo umugwi w'abagwanyi babohoje uwo mwigeme yiganiye BBC ingene umuryango wiwe wamwakiriye ashikanywe muhira iwabo.