Indege z'intambara z'Ubushinwa zazibiye iya Amerika

Indege za gisirikare z'Ubushinwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Indege zibiri za gisirikare z'Ubushinwa zazibiye iya Amerika mu karere gafise ubutunzi bwinshi mu bumanuko bw'ubushinwa

Indege z'intambara z'Ubushinwa zazibiye indege imwe ya gisirikare ya Amerika yari hejuru y'ibahari yo mu bumanuko bw'Ubushinwa, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika.

Ivyo vyashitse mu kirere ata n'umwe agenzura kw'itariki 17 z'ukwezi kwa gatanu igihe abasirikare bagwanira mu mazi ba Amerika bariko barakizura.

Ariko umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire yahakanye ivyo bivugwa vyo kubangamira umutekano kubera izo ndege z'Ubushinwa.

Ibihugu bitari bike biriyitirira ako karere karimwo ubukungu bwinshi kari mu bumanuko bw'Ubushinwa.

Ubwoba bwarongerekanye muri iyi misi, mu gihe Ubushinwa na Amerika bariko baraterana amajambo ku bikorwa vyabo vya gisirikare.

Indege za gisirikare za Amerika

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umudereva w'indege ya gisirikare yamanutse metero 200 kugira atagongana n'indege z'ubushinwa

Umusirikare umwe asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru rya Associated Press, yavuze ko umudereva w'iyo ndege vyabaye ngomwa ko amanuka imetero 200 kugira ntagongane n'izo ndege z'Ubushinwa.

Mu nyuma ku musi wa kane, Hong Lei, wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubushinwa yarishuye kuri ivyo bivugwa, ko ataari ivyo ukuri.