Hollande: Indege ya Misri yakorotse

Indege ya EgyptAir

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Prezida w'ubufaransa Francois Hollande avuga ko indege ya EgyptAir yaburiwe irengero yakorotse

Prezida w'Ubufaransa, Francois Hollande avuga ko inkuru zimaze kuboneka zivuga ko indege ya EgyptAir yava i Paris ija i Cairo mu Misri yari yaburiwe irengero, yakorotse.

Ariko yavuze ko hakiri kare cane kugira umuntu avuge icashikiye iyo ndege ya MS804, kandi ko yoba yabuze bivuye ku zindi mpamvu.

"Inkuru tumaze kuronka gushika ubu, abashikiranganji, abakozi ba reta eka mbere n'abategetsi ba Misri, ziremeza n'akababaro kenshi ko iyo ndege yabuze."

Prezida Hollande yemeye ko reta yiwe izofasha mu bishoboka vyose bikenewe n'abategetsi ba Misri n'Ubugiliki kugira babandanye akazi ko kurondera iyo ndege.

Ibiro vy'umushikirizamanza i Paris na vyo bivuga ko vyatanguye amatohoza kuri iyo ndege yaburiwe irengero, yagurutse iva ku kibuga c'indege ca Charles de Gaulle, i Paris irimwo abafaransa 15.

Iyo ndege kandi yarimwo abanyamisri 30, abanye Irak 2, umuntu umwe umwe wo mu bihugu vy'UBwongereza, Canada, Ububiligi, Koweit, Arabie Saudite, Algeira, Sudan, Chad na Portugal.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Iyo ndege yarimwo abantu 66

Umushikiranganji wa mbere wa Misri, Sherif Ismail, yabwiye abamenyeshamakuru ko ibikorwa vyo kurondera iyo ndege bikibandanya.

Abategetsi ba Misri n'Ubugiriki bariko barakoresha ubwato n'indege mu kurondera iyo ndege mw'ibahari ya Mediterrane.

Iyo ndege yarimwo abantu 66 igihe yaburira ku birometero 16 uvuye ku butaka bwa Misri.