Umwimbu mwiza mu ntara ya Kirundo

Ntega
Insiguro y'isanamu,

Intara ya Kirundo irihagije mu bifungurwa uyu mwaka

Intara ya Kirundo, iri mu buraruko bw'Uburundi ikunze kuvugwamwo uruzuba n'inzara, uyu mwaka ifise umwimbu ukwiye.

Nko muri komine Ntega, imwe mu mukomine indwi agize iyo ntara, umwimbu umaze kwiyongera incuro zitatu mu myaka ibiri, nk'uko vyemezwa na Ntwaza Dieu Aime, umujenama umujenama ajejwe ubutunzi n'itarambere muri iyo komine.

''Ubu dusigaye turonka n'uwo dushorera intara za Ngozi, Kayanza na Muyinga''

Uwo muceri urimwa mu mwonga wa Nyavyamo.

Insiguro y'isanamu,

Kubera intara ya Kirundi ifise ikibazo c'amazi, harubatswe ingomero zo kuvomera imirima

Ubuhinga bwo kugomera amazi yo kuvomea umuceri nibwo bwatumye umwimbu wongerekana.

Intara ya Kirundo isanzwe ari intara ikenye amazi.

Insiguro y'isanamu,

Imiceri bayitonoza imashini

Ku murwa mukuru wa komine Ntega ubu haharugwa imashini umunani zitonora umuceri, ariko hari ikibazo c'umuyangankuba kuko udakwiye.

Uretse ubukene bw'amazi canke iyo uruzuba rwatse , Kirundo n'intara yimbuka cane ibiharage n'amasaka, kera ikaba yitwa ikigega c'Uburundi.

Nk'uyu mwaka irima ryagenze neza, aho uciye uhura n'abavuye gusoroma ibiharage, ibindi ugasanga vyanikiye ku ngo canke mbere no hejuru y'amazu.