Umugwi wa Aston Villa yaguzwe n'umushinwa

Tony Xia
Insiguro y'isanamu,

Tony Xia yaguze umugwi wa Aston Villa imiliyoni mirongo icenda z'amadolali

Umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongereza Aston Villa uherutse kumanuka mu cicaro ca kabiri waguzwe n'umugwizatunga w'umushinwa Tony Xia akora urudandaza rwo gushira imitahe mu nkino, ingenzi, uburimyi hamwe n'amagara y'abantu.

Xia yaguze Aston Villa imiliyoni mirongo icenda z'amadolali, yavuze ko asanzwe akunda uwo mugwi haraheze imyaka myinshi n'aho atanezerezwa n'uko wigenjeje mw'ihiganwa ry'uyu mwaka, vyatumye uwo mugwi umanuka mu cicaro ca kabiri.

Aston Villa yamanutse inyuma y'aho igiye mu kibanza ca nyuma mw'ihiganwa riheze mu kibanza ca mirongo ibiri, ifise amanota 17 gusa.