Umutegetsi yemeye agahembo igihe hishwe inkozi y'ikibi

Tomas Osmane
Insiguro y'isanamu,

Tomas Osmane aramaze guha agashimwe umupolisi yakomerekeje abantu babiri bashaka kwiba

Umukuru w'igisagara kimwe mu gihugu ca Philippine yemeye agahembo ku bantu bazica canke bazobabaza inkozi z'ikibi.

Tomas Osmena, yatorewe kuba umukuru w'igisagara mushasha w'igisagara ca Cebu, yemeye gutanga amadolali 1,000 ku nkozi y'ikibi yose yishwe.

Yavuze ko ico agamije cane ari ugutera ubwoba n'umutima uhagaze inkozi z'ikibi.

Osmena aramaze guha agashimwe umupolisi atari kw'izamu yarashe yongera arakomeretsa abantu babiri bariko baragerageza kwiba.

Insiguro y'isanamu,

Prezida Rodrigo Duterte avuga ko azoshiraho itegeko ryo kwica inkozi z'ikibi

Uwo mugambi w'umukuru w'igisagara nta ho utandukaniye n'aho prezida aherutse gutorwa Rodrigo Duterte ahagaze, aho yamenyesheje ko azotanga itegeko ryo kwica inkozi z'ikibi nk'inzira yo kubagwanya.