Umugera wa Zika washitse muri Afrika

Ahavuye isanamu, AP
Uwo mugera wa zika utuma abana bavuka bafise imitwe mito
Ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y'abantu OMS ryavuze ko hari ubwoko bw'umugera wa Zika utuma abana bavukana udutwe dutoduto bwabonetse muri Afrika ubwa mbere.
Uwo mugera watumye haba uruhagarara mu bihugu vyo muri Amerika y'epfo na cane cane muri Brezil.
Uwo mugera watowe mu mazinga ya Cap Vert.
Izina ry'iyo ngwara ryavuze kw'ishamba ryo muri Uganda, aho uwo mugera wabonetse ubwa mbere mu 1947.
Ariko ubwo bundi bwoko bw'uwo mugera wabonetse muri Afrika ntiwari ubangamye cane, watuma umuntu agira ibicurane bisanzwe.

Izina rya Zika ryavuye kw'ishamba iyo ngara yabonekeyemwo ubwa mbere mu gihugu ca Uganda
Benshi mubanduye uwo mugera baragira umuriro usanzwe, n'ububabare mu ngingo.
Iyo ngwara yadutse mu mpera z'umwaka wa 2015 mu gihugu ca Brezil, kandi ibimenyetso vyayo vyari bikomeye.
Umugera wa Zika uterwa cane n'imibu n'aho havugwa ko hari nabafatwa bakoze imibonano mpuzabitsina.