Ingabo za Irak zirasugereje IS mu gisagara ca Falluja

Falluja

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Igisirikare, igipolisi n'abarwanyi bashigikiye reta bazungurutse igisagara ca Falluja

Intambara zasutamye mu micungararo y'igisagara ca Falluja amasaha make umushikiranganji wa mbere Haider al-Abadi amenyesheje ibikorwa vya gisirikare vyo gusubira kwigarurira ico gisagara kiri mu minwe y'abagwanyi ba IS.

Imwe mu nkuru ivuga ko umukuru w'igisagara ca Falluja ayoboka IS yishwe , mu gihe uwo mugwi w'abagwanyi uvuga ko wishe abasirikare benshi ba reta.

"Hasigaye umwanya ubusa ngo twigarurire Falluja," ni ko al-Abadi avuga.

Reta ya Irak yateye akamo abanyagihugu bahaba, boba bari hagati ya 60,000 na 90,000 kuva muri ico gisagara canke gushira udutambara twera hejuru ku mazu yabo.

Falluja

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Abajejwe umuteka bashika 20,000 ni bo barungitswe muri ico gisagara

Igisirikare ca reta cabwiye television ya reta ko abadashoboye kuvayo bashira amadarapo yera ku mazu yabo.