FIFA yirukanye icegera c'umunyamabanga mukuru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Icegera c'umunyamabanga mukuru wa FIFA yirukanywe mu mabanga yiwe
Ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA ryirukanye icegera c'umunyamabanga w'iryo shirahamwe Markus Kattner kubera uruhara afise mw'ikoreshwa mw'ibanga ry'amamiliyoni y'amadolali.
Kattner wo mu gihugu c'Ubudagi, afise imyaka 45 yagiye muri ico kibanza inyuma y'aho uwari umunyamabanga w'iryo shirahamwe Jerome Valcke yirukaniwe azize igiturire.
Ukwirukanwa mu kazi k'uwo mutegetsi kwaje giturumbuka inyuma y'aho akanama ka Fifa kajejwe amatohoza kaboneye ko habaye ukurenga ku mategeko no gukora ibirenze ivyo amategeko amurekurira.
Hari ibigaragaza ko atakoze akazi yari ajejwe neza mu gukoresha amahera y'umurengera bafashe ko yohemba prezida, umunyamabanga mukuru hamwe n'icegera c'umunyamabanga mukuru.