Hillary Clinton yanse guhura mu kiganiro na Sanders

Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umupfasoni Clinton yanse kwitaba ikiganiro cari kubahuza n'uwo bahanganye Bernie Sanders

Uwuharanira kw'itoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ca Amerika muba Democrate, Hillary Clinton yanse kuja mu kiganiro kibahuza na Bernie Sanders.

Abamufasha mu kwiyamamaza bavuze ko hako aharira na Bernie Sanders ku migambi afitiye Amerika, ngo yoharira n'uwitezwe guserukira umugambwe w'aba Republicain, Donald Trump

Umupfasoni Clinton, yari yemeye kwitaba ikiganiro ca nyuma imbere y'uko haba amatira ya nyuma mu ntara ya California hamwe no mu zindi ntara zitanu mu ndwi zibiri ziheze.

Sanders, umukenguzamateka w'intara ya Vermont, yavuze ko ata kimutangaje kuri iyo ngingo yafashwe n'uwo bahanganye.

Mu ngingo yo kwerekana ko abategetsi b'umugambwe w'aba Democrate badashaka kwigizayo Sanders n'abamushigikiye, bamenyesheje ko azoronka uburenganzira bwo kugena icagatatu c'abazotora urutonde rw'ibizirwa mu nama nkuru y'uwo mugambwe mu kwezi kw'indwi.

Muri iyo nama ni ho bazogena uwuzoserukira umugambwe w'aba Democrate mu matora y'umukuru w'igihugu.

Amatora mu gihugu ca Amerika ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe.