Igihugu ca Erythree cahimbaje imyaka 25 iheze cikukiye inyuma y'intambara n'igihugu ca Ethiopia
Iyi ndwi ihuriranye n'imyaka 25 igihugu ca Erythrée kironse ubwigenge ciyonkoye kuri Ethiopia, mu ntambara yamaze imyaka irenga mirongo ibiri. Amashirahamwe aharanira aharanira agateka ka zina muntu aranebagura inyifato y'ico gihugu co mu buseruko bwa Afrika kubera ata Demokrasi iharangwa, ukwishira n'ukwizana kw'ibimenyeshamakuru hamwena politike yo kubuza abantu kwishira no kwizana. Ariko reta ya Erythree yateguye ibirori vy'igitangaza.

Ibimodoka bitamenwa vyaguye indese n'izindi za gisirikare Erythree yatse Ethiopia mu ntambara
Abapfasoni ibihumbi n'ibihumbi bajana ku rugamba n'abagabo
Abapfasoni ku rugamba mu Erythree
Inyubakwa zose zirashajije
Isutiye ibaririjwe intoke
Imwe mu nzira bakoresha mu kwica inda, kwari ugushira impuzu musi y'utubuye
Ibirato bikozwe mw'ikarato n'imigozi y'iserumu
Amafoto y'abamaratiri 267 bishwe mu misi itanu mu gitero ca nyuma c'i Asmara
Asmara hari isoko risubiramwo ivyuma bishaje rigakoramwo ibintu vya nkenerwa
Umusore ahagaze ku muryango wvuye muri ivyo vyuma
Amabarabara yashizweko amatara adasanzwe
Inyubakwa n'imodoka vyo muri Erythree ni ivyakera cane
Abantu baje kwigina ivyo birori
Onu ivuga ko abakiri bato 5,000 ari bo bahunga Erythree buri kwezi
Erythree ni co gihugu ca mbere muri afrika abantu baco bahungira i Buraya