OMS yiyamirije ihindurwa ry'ikibanza ca Olympic

Ahavuye isanamu, AFP
Inkino za Olympic zizoba mu kwezi kw'umunani uyu mwaka
Ishami rya Onu riraba amagara y'abantu OMS ryiyamirije akamo ko guhindura ikibanza kizoberamwo inkino za Olympic canke kuzungururiza ku rindi sango kubera umugera wa Zika.
Iryo shirahamwe ryavuze ko izo nkino ata co ryohindura mu gukwiragiza uwo mugera.
Mw'ikete bandikiye OMS, bahinga karuhariwe barenga 100 bari bavuze, itorwa ry'uwundi mugera mushasha wa Zika, vyotuma umuntu akurikije amategeko yo kwa muganga izo nkino zitabandanya.
Bavuze kandi ko OMS ikwiye gusubiramwo gusubira kwihweza neza ivyerekeye ingwara ya Zika.
Akanama kajejwe gutegura inkino za Olympic kavuze ko katabona impamvu kohindura igihe igihe izo nkino zobera canke kuzikura aho zategerezwa kubera kubera iyo ngwara itegwa n'imibu.
Uwo mugera wadutse muri Brezil haraciye umwaka, ariko ubu umaze gushika mu bihugu n'uturere turenga 60.
N'aho ibimenyetso vya Zika bitagaragara cane, muri iyo kete, abo bahinga bavuga ko utuma abana bavuka bafise udutwe dutoduto, kandi ko ushobora gutera umugera wica abantu bakuze.
Iryo kete ryashizweko umukono n'abahinga mpuzamakungu barenga 150, abaganga n'abandi bize ivyo amategeko yo kwa muganga, hamwe rero n'ibigo bikomeye nka kaminuza ya Oxford na Havard hamwe na Yale yo muri Amerika.
Bavuga ko umugambi wo kurwanya iyo ngwara wananiranye muri Brezil, n'ingene igisata c'amagara y'abantu kidashemeye muri ico gihugu, ari na co gituma basaba kwunguruza itariko canke gukurayo izo nkino ku neza y'amagara y'abantu.