Abantu 17 bahitanywe n'umuriro muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters
Abategetsi ba Ukraine batanguye amatohoza ku nkomoko y'uwo muriro
Abantu cumi n'indwi bahitanywe n'umuriro mu nzu ibamwo abateye mu za bukuru mu kigwati cegereye umugwa mukuru wa Ukraine, Kiev.
Uwo muriro wadutse mu gaturuturu ko kuri uyu w'Imana, mu bibanza bibiri vy'ubushinguro mu nzu ibamwo abantu 35.
"Abajejwe gutabara barokoye 18, batanu muri bo bari mu bitaro kuko bari bahiye mu buryo butandukanye," nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Ukraine bujejwe gutabara.
Abategetsi batanguye amatohoza kuri uyo muriro.Umushikiranganji wa mbere, Vradimir Groisman yavuze ko uwo muriro " ikintu kibabaje gitumye haba agahombo katagira igiciro" kandi ko reta ihojeje imiryango yabuze, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Ukraine.