Agashavu ku modoka z'abagore ba Prezida Zuma

Jacob Zuma n'abagore

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Muri Afrika y'epfo birarekuwe kugira abagore

Abanye Afrika y'epfo baribaza uko prezida Jacob Zuma abona ikibazo c'ubutunzi inyuma y'aho bimenyekaniye ko reta imaze gukoresha imiliyoni 8.6 ($550.000; £374,000) ku modoka z'abagore biwe mu myaka itatu iheze.

Mu nyishu yahaye inama nshingamateka ku kibazo c'abatavuga rumwe, umushikiranganji ajejwe igipolisi Nathi Nhleko, yavuze ko igipolisi cakoresheje amahera yababa $230,000 ku mamodoka meza meza y'abagore bane ba prezida Zuma, n'aho abanyagihugu batewe akamo gutubika umukanda mu nda, mu gihe ubutunzi bwa Afrika bufise ikibazo co kwiyongera.

Yavuze ko muri rusangi imodoka 11 y'abagore ba Zuma yaguzwe mu mahera agenewe igipolisi:

- Imodoka 4 zo mu bwoko bwa Range Rovers zaguzwe mu 2013 ku mahera $60,000 imwe imwe.

- Imodoka 2 zo mu bwoko bwa Rover Discovery zaguzwe mu 2014 ku mahera $40,000 imwe imwe.

- Imodoka 2 zo mu bwoko bwa Q7s zaguzwe mu kwezi kwa Gatatu uyu mwaka ku mahera $40,000 imwe imwe.

- Hamwe rero n'imodoka 3 zo mu bwoko bwa Audi A6s yaguzwe mu kwezi kwa Gatatu uyu mwaka ku mahera $50,000 imwe imwe.

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Nhleko, bizwi ko ashigikiye Zuma, yasiguye izo modoka zose kwari "ugushaka gushobora gucungera neza abo bagore b'umukuru w'igihugu".

Vyari nkenerwa canke kwabaye ukwonona?

Nta mwanya munini wari uhaciye mbonye umushikiranganji w'ikigega ca reta Pravin Gordhan amenyesheje imigambi yo gutubika umukanda mu nama nshingamateka.

"Amahera reta izokoresha muri uyu mwaka, nyakubahwa mukuru w'inama nshingamateka, yibanda ahanini kwitozwa ry'amakori. Ntidushobora gukoresha amahera tudafise. Ntidushobora kugurana amahera arenze ubushobozi dufise yo kuriha," uko ni ko umushikiranganji Gordhan yavuze igihe yariko arashikiraza ijambo rijanye n'amahera reta izokoresha mu 2016 mu nama nshingamateka.

Inyuma yo kwumviriza urutonde rurerure rw'ingingo zo kugabanya amahera reta ikoresha, harimwo amategeko agabanya ibiciro vy'amamodoka, gushika igihe ubutunzi buziyongera, haboneke ayandi amikoro, dutegerezwa kwifatira ingingo."

Asozera iryo jambo, yanashimiye prezida mu kubashigikira. Ijambo ubu rifatwa nk'iryavuganywe agahemo.

Ntiyavuze ariko ido n'ido ry'ingene ho gabanywa amahera agura imodoka.

Ukutumvikana ku nyifato ya Zuma ntihagaze gusa mu kugabanya amahera akoresha abagore biwe hamwe n'amamodoka azimvye cane.

Preida Jacob Zuma yaranebaguwe cane kw'ikoreshwa ry'imiliyoni 20 z'amadolali za reta mu gusanurainzu yiwe i Nkandla.

Jacob Zuma

Ahavuye isanamu, RODGER BOSCH

Insiguro y'isanamu,

Prezida Jacob Zuma yaranebaguwecane kubera ikoreshwa ry'imiliyoni 20 z'amadolali mu gusanura inzu yiwe

Umushikiranganji wo kwivuna abansi Nosiviwe Mapisa-Nqakula yavuze ko atazohagarika umugambi wo kugura indege ya prezida ku mahera agera miliyoni 2.5 $.

"Nta kuntu na kumwe dushobora kubica ku ruhande kubera ubwa mbere hoho, dutegerezwa kubona ko umutekano wa prezida umeze neza," ni ko yavuze mu nama nshingamateka.

Uwo mushikiranganji yavuze ko kugura iyo ndege ya prezida n'icegera ciwe vyihuta kubera iyo reta akoresha ubu, South Africa yoba ari nka Air Force One izwi kw'izina rya "Inkwazi", hamwe n'iyitwara icegera c'umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa, zimaze kugira ibibazo incuro nyinshi.

Yishura ku rwamwo rw'agaye n'agasuzuguro vy'imigambwe itavuga rumwe na reta kuri iyo nkuru yo kugura indege, yavuze: "Ndazi neza ko umuprezida w'imbere y'umuzo wa demokrasi yakoresha SAA," Ni ko yishuye umugambwe utavuga rumwe na reta wa Democratic Alliance (DA), uzwi nk'umugambwe w'abazungu.

Inkwazi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Inkwazi, indege ya prezida wa Afrika y'epfo yagiye iragira ibibazo muri iyi misi, abategetsi bakaba bafise amakenga ko ishobora kugeramira ubuzima bwa prezida Jacob Zuma

Nk'uko bivugwa na DA, amahera yakoreshejwe mu kugura amamodoka y'abagore ba prezida yari gushobora gukoreshwa mubikorwa bikurikira:

- Gufasha abanyeshure ba kaminuza 116 mu mwaka uza.

- Gufasha abanyeshure 38 biga imyaka itatu ya kaminuza

Hamwe no kwongereza abapolisi 61 buri mwaka.

"Umukuru w'igihugu yafashe ingingo yo gukoresha ayo mahera angana gutyo mu kugura amamodoka azimvye y'abagore biwe," uko ni ko umushingamateka w'umugambwe wa DA, Zakhele Mbhele, yari yabajije ikibazo kijanye n'iryo koreshwa rirenze urugero ry'amahera, yavuze.

Mbuyiseni Ndlozi wo mu mugambwe wa Econimic Freedom Fighters yavuze ko prezida Zuma akoresha amahera ya reta "nk'ayiwe bwite".

zuma na Bongi Ngema

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

President Zuma amaze kurongora abagore batandatu - akaba aheruka mu 2012 aho yatwara Bongi Ngema

Abagore ba Zuma

Bongi Ngema - yarongoye mu kwezi kwa kane mu 2012

Thobeka Madiba - yarongoye mu kwezi kwa mbere mu 2010

Nompumelelo Ntuli - yarongoye mu kwezi kwa mbere mu 2008

Sizakele Khumalo - yarongoye mu 1973

Home Affairs Minister Nkosazana Dlamini-Zuma - bavanye mu 1998

Kate Mantsho - yitavye Imana mu 2000