Intambara zikaze mu gisagara ca Falluja

Ahavuye isanamu, Reuters
Abasirikare karuhariwe ba Irak barungitswe mu micungararo ya Fallujah
Abasirikare ba Irak barabandanya gutera igisagara ca Fallujah mu gihe abarwanyi ba Islamic State babandanya ibitero bikomeye mu gisagara kiri mu buraruko bw'uruzi rwa Eupharates.
Inkuru zivuga ko igitigiri kinini c'abiyahuzi ba Islamic State cinjiye mu gisagara ca Hit inyuma yo kugira ibitero vya rokete.
Intara nyinshi z'igisagara ca Hit ubu bivugwa ko zigaruriwe n'umugwi wa Islamic State mu gihe imiryango myinshi iriko irahunga ico gisagara.
Abasirikare ba reta hamwe n'abarwanyi babashigikiye, bishuye kuri ivyo bitero.
Bakuye ico gisagara ca Hit mu minwe ya Islamic State mu kwezi guheze.