Ikigongwe ku bagwanyi ba Delta ya Niger kizobandanya

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Buhari yavuze ko ikigongwe ku bagwanyi bo muri Delta ya Niger gishobora kubandanya
Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari, yemeye ko azobandanya umugambi wo kubabarira abagwanyi bo mu karere kagwiriyemwo igitoro ka Delta ya Niger.
Mw'ijambi ryo guhimbaza umwaka urangiye ashitse ku butegetsi, prezida Buhari yavuze ko, ibitero biherutse muri ako karere, bitazobuza reta yiwe kugiranira ibiganiro n'inzego zo hasi z'aho, kugira ibibazo bafise bitorerwe inyishu.
Yavuze ko, umugambi w'ikigongwe, worangiranye n'umwaka uza, ushobora kubandanya.
Ahavuye isanamu, AFP
Imugwi y'abagwanyi ba Delta ya Niger baragize ibitero vyinshi ku mahinguriro y'ibitoro
Abanyepolitike n'abagwanyi bo muri ako karere kari iruhande y'uruzi rwa Niger, baridoga ko ababa muri Delta ya Niger, bakwiye kuronka ku butunzi buri muri ako karere, kandi ko bakwiye imicafu iva mu mahinguriro y'ibitoro yokurwaho.