Umukinyi Pulido yabohojwe muri Mexique

Alan Pulido Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Alan Pulido yari yanyurujwe yabohojwe

Umukinyi mpuzamakungu w'umupira w'amaguru Alan Pulido yabohorejwe mu buraruko bushira uburengero bwa Mexique haheze amasaha atari make anyururijwe, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Pulido w'imyaka 25 yabonetse apfutse igitambara ku kuboko, abwira abamenyeshamakuru ko "ameze nezaa".

Abategetsi bavuze ko igikorwa co kumubohoza cagizwe ku musi w'Imana mw'ijoro, ata zindi nsiguro zitanzwe.

Uwo mukinyi w'imbere akinira umugwi w'Ubugiliki wa Olympiakos akaba amaze gukinira umugwi nserukiragihugu wa Mexique incuro nyinshi.

Pulido yanyurujwe ari Ciudad Victoria, mu ntara ya Tamaulipas, ku musi wa gatandatu mw'ijoro, nk'uko abategetsi babivuze mw'itangazo riri mu rurimi rw'iki espagnole.

Inkuru zari zamenyekanye hakiri kare zavuga ko inyuruzwa ryiwe ryabaye mu masaha ya kare yo ku musi w'Imana.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amaze kubohozwa Pulido yabwiye abamenyeshamakuru ko ameze neza

Yari avuye mu musi mukuru n'umukunzi wiwe igihe imodoka yarimwo yazungurukwa n'amakamyo, nk'uko ibinyamakuru vyo muri ico gihugu vyabishikirije.