Abagize igitero ku ndege bahanishijwe guhera mu mvuto

daallo

Ahavuye isanamu, HARUN MARUF

Insiguro y'isanamu,

Uwateze ico kibombe ni we wenyene cahitanye

Sentare ya gisirikare mu gihugu ca Somalia, yahanishije igihano co gupfungwa ubuzima bwose abagabo babiri bagiriwe n'icaha co gutegura igitero cagizwe ku ndege ya Daallo mu kwezi kwa kabiri.

Ibombe yaraturikiye muri iyo ndege umwanya muto ihagurutse ku kibuga c'indege ca Mogadishu igiye mu gihugu ca Djibouti.

Yaciye igitoboro iyo ndege ariko ntisambutse yose.

Umwe mu bari muri iyo ndege camushiburiye hanze ahita apfa, abandi babiri barakomereka.

Ahavuye isanamu, HARUN MARUF

Insiguro y'isanamu,

Iyo bombe yaciye igitoboro kuri iyo ndege ariko ntiyasambutse yose

Abandi bagirizwa ico caha umunani bahawe ibihano vyo gupfungwa hagati y'amezi atandatu n'imyaka ine.

Aho harimwo n'abari abakozi ku kibuga c'indege hamwe n'abajejwe umutekano.