Harategurwa igitero simusiga ku mugwi wa Boko Haram

niger

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Igisirikare ca Niger kiriko kirafatanya n'abandi bo mu karere mu kugwanya Boko Haram

Abategetsi b'igihugu ca Niger bavuga ko bariko barategura igitero gikomeye ku mugwi wa Boko Haram, kizojamwo n'abasirikare b'ibihugu bibanyi.

Kuva mu kwezi kwa kabiri umwaka uheze, abagwanyi ba Boko Haram bamaze kugira ibitero birenga 100 bajabutse urubibe rwa Niger.

Igihugu kiriko kirakorana n'ibindi bihugu vyo mu karere, harimwo na Chad, Cameroon na Nigeria, mu gushira inguvu hamwe kugira barwanye umuhari wa Boko Haram.

Avugira kuri BBC, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Niger, Hassaoudou Massaoudou ibivugwa ko gushira hamwe ingabo z'ibihugu bitandukanye vyanonetse ko bigoye.

Yavuze ko ingabo zo mu karere ubu zimaze kumenyerana kandi ko bashoboye bashobora gutuza Boko Haram mu turere twinshi.

Massaoudou yavuze ko igihugu ca Niger n'abo bari kumwe biteguriye kugira ibitero muri Nigeria, yongerako ko bizoba ari ibitero vyinshi kandi ko bishobora kuba ari ivya nyuma.