Abanyeshure 7000 bo kuri kaminuza ya Dodoma birukanywe

Dodoma
Insiguro y'isanamu,

Abanyeshure ibihumbi indwi bo muri kaminuza ya Dodoma birukanywe.

Abanyeshure bo muri kaminuza ya Dodoma mu gihugu ca Tanzania birukanywe inyuma y'umwumvikano muke wadutse hagati ya reta n'abakuru b'iyo kanimuza.

Abo banyeshure bategetswe kuva muri iyo kaminuza kuba bahavuye bitarenze isaha cumi na zibiri z'umugoroba ku musi w'Imana.

Hari urwandiko rwavuga ko habaye amakosa ku banyeshure biga ivyigwa vy'uburezi harimwo ibiharuro n'ubuhinga, kubera ivyo reta yabasavye kuva kuri iyo kaminuza gushika igihe hazoshikirizwa iyindi nyandiko.

Inama nshingamateka ya Tanzania isanzwe ikorera mu gisagara ca Dodoma ntiyashoboye gukorana uyu musi kubera ikibazo c'abo banyeshure.

Bamwe mu bashingamateka basavye ko hokwigwa ico kibazo, ariko icegera c'umukuru w'inama nshingamateka yavyanse.