Urubanza rwa Messi rwatanguye muri Espagne

Lionel Messi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Urabanza rwa Lionel Messi rwatanguye uyu musi

Sentare nkuru ya Espagne yatanguye kwumviriza urubanza Lionel Messi aho yagirizwa kutariha ikori muri ico gihugu.

Uwo mukinyi wa Argentine, akina imbere mu mugwi watahukanye igikombe c'uyu mwaka wa Barcelone, yagirizwa ububeshi no gukwepa kuriha ikori rishika amadolali imiliyoni 4,5 ryo kuva mu mwaka wa 2007 gushika 2009.

Messi na se wiwe Jorge, ari we ahagarariye inyungu ziwe, bagirizwa kunyegeza amamiliyoni n'amamiliyoni y'amadolali mu mazinga adatangisha amakori ya Belize na Uruguay.

Abo bagabo babiri kandi bagirizwa kubesha abakozi begeranya amakori ya reta igihe bariko barabazwa kuvyerekeye ayo matohoza.

Ikigo kijejwe gutoza ikori muri Espagne kibagiriza gukoresha ayo mazinga mu kwanka kuriha ikori ku mahera yinjiza ata co apfana n'umushahara.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Lionel Messi na se wiwe barahakana ivyo bagirizwa

Ku ruhande rw'ubushikirizamanza, basaba ko bopfungwa uretse gutangishwa ihadabu rinini kugira kabe akarorero ku bandi bose bafise ako gatima.

Bitegekanijwe ko urwo rubanza rumara imisi itatu.

Messi akaba yitezwe muri sentare ku musi wa kane.

Messi na se wiwe barahakana ivyo bagirizwa.