Mitsubishi yemeye gutanga indishi y'akababaro

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ni ubwa mbere Mitsubishi yemera amasezerano nkayo
Kompanyi y'abatabani ya Mitsubishi yemeye gutanga indishi y'akababaro ku migwi y'abashinwa bakoreshejwe nk'abacakara mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose.
Iyo ndishi izohabwa abantu bagera ibihumbi bitatu n'amajana indwi bazoronswa umwe umwe ibihumbi cumi na bitanu vy'amadolali, bongere basabwe n'ikigongwe.
Amasezerano hamwe n'ido n'ido ry'ayo biramenyekana ku musi wa gatatu.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu 3700 ni bo bazoronswa iyo ndishi y'amadolali 15,000 umwe umwe
Abashinwa ibihumbi bine barajanywe mu Buyapani mu ntango z'imyaka ya 1940 kubera hari habaye ibura ry'abakozi.