Urubanza rwa Besigye rwasivye

Ahavuye isanamu, AP
Kizza Besigye ntiyitavye muri sentare mu gutinya ko umutekano wohungabana mu gisagara ca Kampala
Kizza Besgye atavuga rumwe na reta muri Uganda yagirizwa icaha co kugambanira igihugu ntiyazanywe muri sentare uyu musi.
Ubushikirizamanza bwasavye ko urwo rubanza rwobera ahegereye aho apfungiwe mu kwanka ko umutekano uhungabana mu gisagara.
Abashigikiye Kizza Besigye bari baje ari benshi muri sentare kwumviriza urwo rubanza aho bashatse no kwugumuka.
Umucamanza yari kwumviriza urwo rubanza yaciye yungururiza urwo rubanza kw'itariki 15 z'uku kwezi kwa gatandatu.
Besigye ni we yari akomeye cane yahiganywe na prezida Museveni mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa kabiri mu 2016.
Uwo mukuru w'umugambwe utavuga rumwe na reta yemeza ko ari we yatahukanye intsinzi muri ayo matora, yanebaguwe n'abarorerezi mvamakungu.