President Nkurunziza agabisha abitwaje ibirwanisho

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Nkurunziza avuga ko abitwaje ibirwanisho bazovyakwa ku nguvu nibatishikana
Umukuru w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, aheruka guha indwi zibiri abitwaje ibirwanisho ngo babe babishize hasi bishikane ku bajejwe umutekano.
Bwana Nkurunziza yababwiye ko batabishize hasi bizokorwa ku nguvu.
Ibi yabivuze ku karore k'ivyabaye mu 2010 aho umugwi wari wavutse witwaje ibirwanisho warwanijwe wose ugahera.
Ibitero vy'abantu bitwaje ibirwanisho vyatanguye kuvugwa mu mwaka uheze, nyuma y'aho Prezida Nkurunziza atangarije ko azokwitoza.