Mu Budage hemejwe jenoside y'abanye Armenia

Abari mu muhango wo kwibuka abanye Armenia bishwe n'abasirikare ba Turkiya haciye imyaka ijana Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kwemeza ko abanye Armenia bishwe n'abasirikare ba Turkiya ari jenoside birabangamira imigenderanire

Inama nshingamateka y'Ubudage hafi ya yose yemeje ko ubwicanyi bwakorewe abanye Armenia mu ntambara ya kabiri y'isi ari jenoside.

Ubwo bwicanyi bwakozwe n'abasirikare ba Turkiya igihe ico guhugu cari kigifise icibare caguye kigizwe n'ubwami bwinshi, citwa Ottoman.

Turkiya yari yagabishije kw'itorwa ry'iyo ngingo, ivuga ko ari ikigeragezo c'ubucuti buri hagati y'ibihugu vyombi.

Armenia ivuga ko abantu umuriyoni umwe n'igice bishwe n'abanye Turkiya mu buryo bwateguwe, haciye imyaka ijana.

Turkiya ihakana ico gitigiri ikavuga kandi ko ata mugambi wigeze ubaho wo guhonya ubwoko.

Umunyamakuru wa BBC ari i Berlin avuga ko iryo tora rije mu gihe kitari ciza ku muchanceliere Merkel, asanzwe yaragiye imbere mu biganiro na Turkiya vyerekeye ikibazo c'abimukira.

Ibindi bisa n’ibi