Ibiziga vy'abimukira vyatowe ku nkengero za Libya

Ahavuye isanamu, Marina Militare via Associated Press
Inkengero za Libya ni hamwe mu hantu abimukira bafatira amato adakomeye bagerageza kuja i Buraya
Amakuru ava muri Libya avuga ko hari ibiziga vy'abimukira vyasutswe n'ibahari ku nkengero hafi y'umuji wa Zuwara uri mu burengero bw'igihugu.
Amwe muri ayo makuru yashoboye kwemezwa avuga ko hari ibiziga bishika ku mirongo umunani na bitanu.
Umwe mu bakozi b'ishirahamwe ry'abagiraneza, Red Crescent, yavuze ko ivyo biziga bisa n'ivy'Abanyafrica bo mu bumanuko bw'ubugaragwa bwa Sahara, ngo kandi biragoye kumenya igihe basomeye nturi.
Akarere kegereye Zuwara ni kamwe mu bibanza vyo ku ngengero za Libya abimukira bacako mu kwurira amato adakomeye na gato bagerageza kuja i Buraya.