Abasirikare bakomerekeye muri Somalia baridoga

Ahavuye isanamu, Reuters
Abasirikare b'u Burubdi bakomerekera mu bikorwa vya AMISOM ngo ntibatunganirizwa neza batahutse, ariko leta yoyo si uko ibibona
Abasirikare b'Abarundi bakomerekeye mu bikorwa vy'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, AMISOM, muri Somalia, bavuga ko badakurikiranwa neza batahutse mu bijanye n'amagara yabo.
Abo basirikare kugira bavurwe, baragirirwa ibipimo n'abaganga kugira barabe ingene amagara yabo yifashe.
Baca bahabwa amanota bivanye nuko amagara yabo yifashe; uwumaze gutora mitende, ahabwa amanota make nayo uwuremvye agahabwa menshi.
Bamwe muri abo basirikare baridoga ko bageze mu Burundi bahabwa amanota make kugira bakurwe ku ntonde z'abavurwa.
Ariko mugihe abo basirikare bafise amakenga ku manota bahabwa, mu gisoda c'u Burundi bemeza ko ico gikorwa kirangurwa neza, nk'uko umuvugizi w'igisirikare, Col Gaspard Baratuza yabibwiye BBC.
Ushaka kumenya vyinshi kuri ino nkuru, kurikirana amakuru ya BBC Gahuzamiryango isaha 18h30 ku masaha yo mu Rwanda no mu Burundi, kuri dario canke kuri bbcgahuza.com