UK: Abipfuza kuva muri EU banebaguwe

EU Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abashaka kuva mw'ishirahamwe rya EU bagirizwa ububenshi no gukwiragiza amajambo mabi

Uwahoze ari umushikiranganji w'Ubwongereza, John Major, yagirije abarongoye abashaka ko Ubwongereza buva mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, ko bakwiragiza ububeshi n'amajambo mabi.

Avugira kuri BBC, Major yanebaguye cane abiyamamariza kuva muri EU, bagenda bavuga ko Ubwongereza buha iryo shirahamwe ama Euro imiliyoni 350 buri ndwi.

Major yavuze ko umuntu wese azi intererano Ubwongereza butanga muri EU, yongerako ko ububeshi nk'ubwo atari bwiza na gato.

Abanyagihugu bo mu Bwongereza bazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ko ico gihugu coguma muri EU canke cogumamwo muri uku kwezi kwa gatandatu.