Uburundi bwaraye busezeye mw'ihiganwa rya CAN

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wa Stoke City, Mame Biram Diouf ni we yinjije igitego ca kabiri ca Senegal mu rukino rwariko rurabahuza n'Uburundi
Igihugu c'uburundi caraye gisezeye mw'ihiganwa rya CAN gitsinzwe na Senegal ibitego bibiri ku busa.
Ibitego vyose vya Senegal vyinjijwe n'abakinyi bakina mu gihugu c'Ubwongereza, Sadio Mane na Mame Biram Diouf, mu rukino rwabereye i Bujumbura.
Mu rundi rukino, Misri yigubanye Tanzania, iyitsinda ibitego 2-0.
Misri na Senegal nbikaba vyaciye bironka uburenganzira bwo kuzoja mu nkino z'igikombe c'imigwi nserukirabihugu zitegekanijwe kubera mu gihugu ca Gabon mu mwaka uza.
Ibihugu bine uyu musi vyiteze gutsindira kuja mu nkino z'igikombe c'imigwi nserukirabihu ku mugabane wa Afrika mu mwaka uza.
Igihugu ca Ghana gikeneye kwunganya gusa na RDC mu gihe Zimbabwe gikeneye gutsinda n'uko mu rundi rukino ibintu vyoba uko bavyipfuza.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Roma winger Mohamed Salah ni we yinjije ibitego vyose vya Misri
Ikindi gihugu gishobora kuronka ayo mahigwe ni Guinnee Bisau kizoba gitangaje benshi, kuko kitari bwigere gishika mu nkino za nyuma.
Imigwi itandatu harimwo n'igihugu kizokwakira izo nkino, Gabon, iramaze kuronka uburenganzira bwo kuzitaba izo nkino.