Ingabo zo kugwanya abiyitirira Islam mu burengero bwa Afrika

nigeria

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika bigiye gushiraho umugwi wa gisirikare ujejwe gutuza abagwanyi bitwaza idini rya Islam

Abategetsi bo mu bihugu vya Afrika baganiriye ku mugambi wo gutanguza umugwi umwe wa gisirikare wo guhangan n'abagwanyi bitwaje idini rya Islam muri ako karere.

Abarwanyi bafitaniye isano na Al-Qaeda baragize ibitero mu gihugu ca Mali, Cote d'Ivoire na Burkina Faso, hanyuma Boko Haram, incuro nyinshi yarateye uturere twinsi muri Nigeria no mu bihugu bibanyi.

Abo bategetsi bariko barabonanira ku mugwa mukuru wa Senagal, nta vyinshi bavuze kuri uwo mugambi.

Bipfuje kandi ko amatora yo mu mwaka uza mu gihugu ca Gamabia yoba mu mahoro, kandi abacungera umutekano ngo bazokwirinde gukoresha inguvu.