Yaguze nimero y'imodoka ku miliyoni zitanu z'amadolali

EAU Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Imiryango y'ubwami mu barabu ifise ubutunzi bwinshi kubera ibitoro

Umugwizatunga umwe wo mu muryango w'abami mu barabu, yarishe amahera yababa imiliyoni zitanu z'amadolali agura inimero y'imodoka yisangije.

Iyo nimero ifise igiharuro kimwe gusa, igiharuro rimwe.

Amahera yarishe ni ncuro nka 20 ayo yari isanzwe igurwa, kuruta uko vyari bitegekanijwe .

Uwo mugwizatunga yabwiye ibigo bimenyesha amakuru ko ico ashaka buri gihe, ari kuba uwa mbere.