Urupfu rwa Mohammad Ali rwateye impari muri Amerika

Ahavuye isanamu, AFP
Muhammad Ali yitavye Imana ku musi wa gatanu
Urupfu rwa Muhammad Ali rwateye impari nyinshi muri politike hagati y'abaharanira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ca Amerika azoba mu kwezi kwa cumi na rimwe.
Mw'ijambo ryiwe ryo guhoza umuryango wa Muhammad Ali, uwo umugambwe w'aba republicains ushira imbere mu matora yimirije, Donald Trump, yavuze ko Ali yari rurangiranwa azokwibukwa na bose.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Donald Trump yavuze ko Muhammad Ali azibukwa n'abantu benshi
Mu mwaka uheze, Ali yariyamirije imvugo ya Trump, yo kubuza aba Islam kwinjira muri ico gihugu.
Ku ruhande rwiwe, uwuharanira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ku ruhande rw'aba demokrate, umukenguzamateka Bernie Sanders, yanebaguye Trump, avuga ko ari umubeshi.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Hillary Clinton avuga ko Trump akwiye gushikirizwa ubutungane kubera amajambo ashikiriza
Na yo umupfasoni Hillary Clinton, yavuze ko Trump akwiye gucibwa urubanza kubera amajambo avuga.
Uwo munonotsi akubitana ingumu yitavye imana ku musi wa gatanu i Arizona, akaba yari amaze imyaka myinshi agendana ingwara y'urwibagiza, imyaka irenga mirongo itatu.