Guinee Bissau na Ghana mu nkino za CAN

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Guinnee Bissau kizitaba inkino z'igikombe c'imigwi nserukirabihugu ubwa mbere zizobera mu gihugu ca Gabon mu mwaka uza.
Igihugu ca Guinnee Bissau kizoja ubwa mbere mu nkino z'igikombe c'imigwi nserukirabihugu ku mugabane wa Afrika zitegekanijwe mu mwaka uza.
Inyuma yo gutsinda Zambia ku musi wa gatandatu, akaryo ko kwitaba izo nkino kabonetse inyuma y'aho Congo-Brazzaville itsindiwe na Kenya ibitego 2-1.
Ghana na yo ironse ayo mahigwe inyuma yo gutsindira muri Ile Maurice ibitego 2-0.
Ikindi gihugu caronse uburenganzira bwo kuja muri izo nkino za CAN ni Zimbabwe inyuma yo gutsinda Malawi 3-0