Perezida wa Nigeria yagiye kwivuza hanze

Yamenysheje ko agiye kwivuza no kuruhuka gato i Londres Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Muhammadu Buhari

Perezida wa Nigeria Muhammadu Buhari vyatanguye kuvugwa ko agwaye ugutwi kuva mu kwezi guheze, biciye mu binyamakuru vyo hagati mu gihugu, igihe yasivya urugendo yari yateganije mu muji wa Lagos.

Ariko inyuma y'amasaha make bimenyekanye, umuvugizi w'umukuru w'igihugu yaciye asohora itangazo avuga ko umukuru w'igihugu adora, ahubwo ko yasibijwe n' ikibazo co gutunganya imirimo yiwe myinshi.

Uburwayi bwa perezida Buhari bwakomeje kuvurwa cane igihe yongeye gusivya urundi rugendo rwari rwavuzwe cane, yateganya mu karere ka Delta du Niger mu ndwi iheze.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyaracecetse kuva ico gihe, gushika mw'ijoro ryo kuri uyu w'Imana ushira uwa mbere, aho vyatangaje y'uko arwaye.

Bamubajije ku vyo urugendo rwiwe igihe yurira indege aja Londres , perezida Buhari yabishuye ati: " hari umuntu n'umwe atarwara?"

Uretse ko agiye kwivuza, perezida Muhammadu Buhari ateganya kuruhuka mu kiringo c'iminsi icumi.