Igisasu cahitanye 11 muri Turkiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisasu caturitse abantu bariko bihuta baja ku mirimo muri Istambul
Ico gisasu bikekwa ko caturikijwe n'abari kure yaco hifashishijwe ubuhinga bwa 'telecommande', cari catumberejwe ku modokari y'igipolisi.
Mu bapfuye harimwo aba polisi indwi n'abanyagihugu basanzwe bane.
Kugez'ubu nta murwi uriyitirira ico gitero, ariko umunyamakuru wa BBC ari Istambul avuga ko abashobora gushoka bakekwa ari abo mu murwi w'aba Kurdes PKK, canke rimwe mu mashami yawiyonkoyeko.
Abakomeretse bagera ku mirongo itatu na batandatu.
Guturika kw'ico gisasu kwahitanishije n'amazu yari ku ruhande.
Ibisasu vyasambuye n'amazu yo hafi
Igihe yagendera abakomeretse mu bitaro, perezida Recep Tayip Erdogan yavuze ko ivyo bitero vyakorewe abantu abjejwe kurinda umutekano w'abandi, "bidashobora kubabarirwa ngo bigende gutyo".
Yagize ati: "Tuzokomeza kurwanya iterabwoba ata kudebukirwa".
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Turkiya n'amakungu, Mevlut Cavusoglu, yavuze ko abakoze ico gitero ari abantu batagira umutima kubona bateye abantu bari mu gihe c'ukwezi kweranda kwa Ramazani, kumaze iminsi ibiri gusa.
Mu kwezi kwa kabiri no mu kwa gatatu, abarwanyi b'aba Kurdes baragavye ibitero mu murwa mukuru Ankara, aho kimwe cose cahitanye abantu barenga 30.