Umugore wa Museveni yagenywe mu bushikiranganji

Museveni and janet
Insiguro y'isanamu,

Janet Museveni yagizwe umushikiranganji w'indero n'inkino muri Uganda

Prezida Yoweri Museveni wa Uganda yagenye umupfasoni wiwe Janet Museveni mu mabanga y'ubushikiranganji bw'indero n'inkino muri reta nshasha.

Ubushikiranganji bw'indero n'inkino ni bumwe mu bushikiranganji bukomeye muri ico gihugu.

Ibiharuro vyerekana ko, ubwo bushikiranganji bw'indero n'inkino buronswa amahera menshi ya reta bukoresha.

Museveni aheruka gutsindira kurongora Uganda mu kiringo ca gatanu mu kwezi kwa kabiri, yagumijeho umushikiranganji wa mbere Ruhakana Rugunda hamwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Edward Kiwanuka Ssekandi muri iyo reta nshasha.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Yoweri Museveni yatahukanye intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu ntango y'uyu mwaka

Yagenye kandi uwo bahiganywe mu matora y'umukuru w'igihugu aheruka Betty Kamya, wo mu mugambwe wa FDC, agiye kuba umushikiranganji w'igisagara ca Kampala.

Irindi genwa ryatangaje abaraba ibintu n'ibindi muri politike, ni Betty Amongi w'umugambwe wa UPC, yabaye umushikiranganji w'amatongo n'inyubakwa.

Museveni ubu afise imyaka 71, yagumijeho kandi abashikiranganji Matia Kasaija na Irene Muloni.

Ahavuye isanamu, AP

Insiguro y'isanamu,

Kizza Besigye ubu ari mw'ibohero yagirizwa kugambanira igihugu

Museveni yatsinze amatora aheruka y'umukuru w'igihugu ku majwi 60%, ariko uwo batavuga rumwe Kizza Besigye ariyamiriza iyo ntsinzi, ngo kuko amatora ntiyakurikije amategeko.

Besigye ubu ari mw'ibohero yagirizwa kugambanira igihugu.