Igipolisi carashe abanyeshure bari mu myiyerekano

Students

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abapolisi bategereye abanyeshure bagisohoka kw'ishure ku mugwa mukuru wa Port Moresby

Igipolisi carashe abanyeshure bari mu myiyerekano mu gihugu ca Papouasie Nouvelle Guinee, bariko bariyamiriza umushikiranganji wa mbere Peter O'Neill.

Abanyeshure benshi bakomeretse, abatavuga rumwe n'ubutegetsi bakavuga ko hariho bane bitavye Imana, ariko nta bantu ata ho begamiye baravyemeza.

Peter O'Neill

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji wa mbere Peter O'Neill yahakanye gutanga imihoho

Abo banyeshure bari mu myiyerekano bava kw'ishure yabo iri ku mugwa mukuru wa Port Moresby, bagana inama nshingamateka aho O'Neill ashobora gusabwa gutanga imihoho n'abashingamateka.

Basaba yova ku butegetsi kugira abazwe ivyerekeye igiturire yagirizwa.

Shoes

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Ibirato vy'abanyeshure bashwiragiye birunze imbere y'ishure

O'Neill, afise abashingamateka benshi mu nama nshingamateka, yagumye avuga ko ata kintu na kimwe yakoze kibi kandi akaba yaranse gutanga imihoho.

Inama nshingamateka ikaba yungururije ibikorwa vyayo mu kwezi kw'umunani.