Abaririmvyi ba Abba bahuye inyuma y'imyaka 30

Abba members Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Abari bagize umugwi Abba bane baririmbiye hamwe ubwa mbere mu myaka 30

Abaririmvyi bane bari bagize umugwi wa Abba, babonetse bari kumwe mu gihugu ca Suede, aho batangaje ababakunda igihe baririmbira hamwe.

Abo baririmvyi rurangiranwa bashitse ku musi w'Imana mu birori bisanzwe, kwigina imyaka 50 irangiye abanditse indirimbo ya Bjorn Ulvaeus na Benny bakorera hamwe.

Muri ivyo birori, Agnetha Faltskog na Anni-Frid Lyngstad baririmvye ururirimbo "The Way Old Friends Do".

Mu nyuma Ulvaeus na Anderson baja hamwe na bo bagira barangize urwo ruririmbo, buba bubaye ubwa mbere bahura baririmbira hamwe mu myaka irenga 30.