Sharapova yahagaritswe gukina imyaka 2

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty images
Image caption Maria Sharapova yavuze ko yakoresheje Melodium ku mvo z'amagara

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, uyu mukinyi w'imyaka 29, yavuze ko azokunguruza kuri iki cemezo yise 'igihano gihanitse c'ishirahamwe mpuzamakungu rya Tennis'.

Sharapova yari yahagaritswe vy'agateganyo mu kwezi kwa gatatu, aho amariye kupimwa amaraso bagakeka ko yakoresheje imiti yongera inkomezi, mu gihe c'amahiganwa yo muri Australia mu kwezi kwa mbere.

Yavuze ko yafashe umuti bita Melodium ku mvo z'uburwayi.

Sharapova yashizwe mu bazokinira Uburusiya mu kwa munani mu nkino za Olympic zizobera Rio.

Uguhagarikwa kwiwe guharurwa kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.